Musaga : Umunywanyi wa CNDD FDD yishwe akerewe izosi

0

Ibarabara rya mbere rya zone ya Musaga ryazindutse kuri uwu wa mbere ryugarijwe n’abaporisi benshi bavanze n’abasirikare bariko barasaka mu ngo ziri kuri iryo barabara. Aho ku Musaga hakaba hari umukenyezi yahiciwe akerewe izosi mw’ijoro ryo kuri uwu wa w’Imana.

tir

Umukenyezi azwi kw’izina rya Anitha NIBIGIRA yishwe akerewe izosi n’abantu bataramenyekana. Kubera iyugarwa ry’iryo barabara rya mbere ku Musaga, ibibazo vyari gukorwa kw’ishure ryisumbuye rya Musaga vyatanguye bitevye inyuma y’isaha zitatu z’agatondo, hakaba n’abanyeshure batashoboye kuja kw’ishure kubera iryo barabara ryari ryugawe.

Mu gihe hari abavuga ko iyicwa rya Anitha NIBIGIRA ryoba rifitaniye isano n’imvo za poritike kuko uwo yagandaguwe yari umunywanyi w’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi, OP1 Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi arabihakana, akamenyesha ko urwo rupfu rwoba rufitaniye isano na dosiye ipfunze umugabo w’uwo yishwe, uwo nawe akaba apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba.

Ariko rero umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi akaba atashimye kuvuga iyo dosiye iyariyo. Abantu 29 akaba aribo batawe muri yompi n’igiporisi ku mvo z’amatohoza.