Iry Tina:Ngiye gushira ahabona urukurikirane rwanje nise”Kigwera wa”

0

Umuririmvyi w’umurundikazi ariko asanzwe akorera akazi kiwe mu gihugu c’ubuganda ariwe Uwimana Irene Laura abenshi bazi kw’izina rya Iry Tina agiye kugaruka mu gihugu ciwe c’amavukiro uburundi aje gukora igiteramo cagakura
iry tina
Nkuko rero uyo muririmvyikazi yashoboye kubimenyesha ikinyamakuru cacu ubmnews,yatumenyesheje yuko agiye kugaruka mu gihugu ciwe aje gukora igiteramo cagakura,aho azoba aje gushira ku mugaragaro urukurikirane rw’indirimbo ziwe,urukurikirane yise”Kigwera wa”,
Tumubajije ryari uzokorerako ico giteramo,Iry Tina akaba yatumenyesheje ko ari mu kwezi kw’indwi naho atatumenyesheje itariki

Tworangiza tubamenyesha ko Iry Tina ari umuririmvyi w’umurundikazi akundwa cane yaba hano mu burundi canke mu gihugu c’ubuganda