Big Fizzo:Urucira mu kaso rugahitana nyoko

0

Nyuma yaho hakwiragiye ibihuha kuruyu mugoroba bivugwako umuririmvyi w’umurundi Mugani Desire abenshi bazi kw’izina rya Big Fizzo ko yitavye Imana ,Big Fizzo ahejeje kubeshuza iyo nkuru aho ahejeje kuvuga ko ari muzima kandi atanagwaye
big fizzo

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa facebook,Big Fizzo akaba yashoboye kwandika amajambo biboneka ko ababaye cane aho yanditse avuga ati:urucira mu kaso rugahitana nyoko,ayo majambo akaba yayanditse abwira abantu bose bari bashoboye gukwiragiza inkuru ivugako yitavye Imana kandi ari muzima
mugani

Tworangiza tubamenyesha ko atari irya mbere bavuzeko Big Fizzo yitavye Imana kandi ari muzima