Musaga : Umuntu umwe yapfuye abasirikare bane nabo barakomereka

0

Ikiziga z’umuntu umwe nico catowe kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 26 Ntwarante 2016 hagati ya karitiye ya Gikoto na Gasekebuye, mu gisagara ca Bujumbura.

Abanyagihugu baganiriye na UBM news bamenyesheje ko uwo yagandaguwe yahora aba muri karitiye ya Gikoto, akaba yishwe n’abantu batamenyekana.

jesi

Umutekano warahungabanye kandi muri komine ya Musaga mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu, nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro. Amakuru dufise akaba avuga ko abasirikare bane, harimwo intwazangabo imwe yo kw’ipete rya Capitaine aribo bakomerekeye mu gitero ca gerenade cabereye kw’ibarabara rya mbere muri komine ya Musaga, kuri gerenede yatewe mu basirikare bariko barakizura.