Phillipe Nzobonariba Amenyesha Ko ‘FIDH Ikorana N’Abashatse Gutembagaza Ubutegetsi’.

0

Mu kiganiro n’abamenyeshakuru ku musi wa gatanu,itariki 14 Mukakaro 2017,umuvugizi akongera akaba numunyamabanga wa Leta,Phillipo nzobonariba,yaramenyesheje ibitari bike ku vyerekeye amaraporo asohorwa ku Burundi hamwe nibindi bitari bike.

Ku vyerekeye Icegeranyo guheruka gusohorwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho agateka ka zina muntu FIDH, Phillipe Nzobonariba yamenyesheje ko ‘FIDH ikorana n’abashatse gutembagaza ubutegetsi’, aho cane cane avuga abahungiye mu Rwanda ko bakora ayo maraporo hama FIDH ikayashira ahabona.

Nzobonariba aravuga ku vyerekeye abagerageje gutembagaza ubutegetsi bahungiye mu Rwanda babandanya basohora ivyegeranyo bitari vyo ku Burundi.

Phillipe Nzobonariba,Umuvugizi akongera akaba n’Umunyamabanga wa Leta y’Uburundi.

Aravuga nkakarorero ko FIDH yakoranye n’Ishirahamwe Ligue Iteka rirongowe na Anschaire Nikonayigize abonwa na Leta y’Uburundi ko ari mu bagerageje gutembagaza ubutegetsi(ubu ritemerwa na Leta y’Uburundi) mu gusohora icegeranyo giheruka ku Burundi cataziriwe ngo” Uburundi ku nkombe y’imanga”.

Abandanya amenyesha ko abashatse gutembagaza ubutegetsi bahungiye mu gihugu c’Urwanda ata kindi barota atari ugusohora amaraporo aza acafuza Uburundi,maze amashirahamwe mpuzamakungu akayakorerako atabanje gutohoza neza.

Nzobonariba akamenyesha ko abakora ivyo vyegeranyo babikora ku nyungu zabo maze bakabiha ababibatumye.Ico cegeranyo FIDH iheruka gusohora kikaba kitanejereje leta y’Uburundi aho yaciye yamirira kure ibikigize ko ari ibinyoma.