Muramvya : Sentare nkuru yafashe ingingo y’ukurekura urwaruka 41

0

Sentare y’i Muramvya yafashe ingingo y’ukurekura vy’agateganyo urwaruka rugera kuri 41 mu bari bafashwe bagirizwa ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA.

Iyo ngingo ya sentare nkuru y’i Muramvya yafashwe kuri uwu wa kabiri, ikaba itanga umwidegemvyo w’agateganyo ku rwaruka 41 muri 55 bari bafashwe kw’igenekerezo rya 17 Ndamukiza 2015, mu gihe bari mu myiyerekano y’ukwiyamiriza ugusubira kwitoza kwa Petero NKURUNZIZA.

prise

Abo barekuwe bakaba ariko badafise uburenganzira bwo kurengana imbibe z’igihugu c’Uburundi, bagasabwa kandi kwama bitaba ubutungane rimwe mu ndwi.