Monday, September 26, 2022
HomeNewsNzeyimana Mkombozi hamwe na Msela sellah bagiye gusohora indirimbo izoba idasanzwe

Nzeyimana Mkombozi hamwe na Msela sellah bagiye gusohora indirimbo izoba idasanzwe

Umuririmvyi akunzwe cane w’umurundi aba muri Leta zunze ubumwe za America ” Msela sellah, agiye gusohorana indirimbo izoza idasanzwe numwe mu bihangange dufise m’umuziki wu Burundi ariwe ” Nzeyimana Mkombozi.

mse

Msela sellah, aho yaganira n’ikinyamakuru ca mbere c’abarundi gisomwa cane kwisi ” UBM News, we yadutangarije ko ino ndirimbo izoza ari iyakarorero kandi ko izoza ikozwe ku rwego rwo hejuru naburya bose bazoba bahuye ari abaririmvyi bazi kuririmba.

Uno muririmvyi yagize ati : Ndiko ndakorana indirimbo na Nzeyimana Mkombozi, abarundi bayitege mu misi ya vuba kuko n’indirimbo izoza ari iyakarorero kandi izoba idasanzwe ndetse ikozwe ku rwego rukomeye, kubwivyo nkaba nsaba aba fans banje bose hamwe nabakunda umuziki ndundi ko bokwitega ino ndirimbo mu misi iri imbere.

Must Read

Léonce Ngendakumana avuga ko Perezida Ndayishimiye yabeshe muri ONU ko...

0
Ivyo umukuru w'igihugu c'uburundi Varisito Ndayishimiye yashikirije mu nama ya bose ya ONU igira 77 aho yavuga ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu...