Amakenga abandanya kuba menshi ku munyarwanda yafatiwe mu Burundi

0

Igihugu ca Korea kirahakana ivyashikirijwe n’umunyagihugu yafashwe kw’igenekerezo rya 12 Ntwarante 2016, aho avuga ko ari umusirikare w’Urwanda yarungitswe mu bikorwa vy’ugusuma urusaku (Espinnage) mu ntumbero y’uguhungabanya umutekano. Uwo yerekanwe n’igiporisi avuga ko abasirikare b’Urwanda bahabwa imyimenyerezo n’abasirikare ba Korea kugira bazotere Uburundi.

Dong Ku ajejwe gutunganya ibikorwa mu buserukizi bwa Korea i Kigali arabeshuza ivyashikirijwe n’uwo yafashwe, akavuga ko igihugu ciwe ata ruhara na rumwe gifise mu bibera mu Burundi, agashikiriza ko ivyo bivugwa ari ugusamaza.

Igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko cafashe umusirikare w’igihugu c’Urwanda azwi kw’izina rya Cyprien Rucyahintare. Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko uwo yafashwe yiyemerera ko yari mu kazi k’ugusuma urusaku, arondera amakuru y’uguhungabanya umutekano w’Uburundi.
Uwo yafashwe mu giporisi c’Uburundi bavuga ko yafatiwe ku musozi Rushenya uri muri komine Giteranyi, intara ya Muyinga.

ruca

Ubuyobozi bw’igisirikare c’Urwanda (RDF) buriyamiriza amakuru avugwa n’igiporisi c’Uburundi ko hafashwe ku butaka bw’Uburundi umusirikare w’Urwanda, Caporal Rucyahintare Cyprien, ari mu bikorwa vy’ugusuma urusaku (Espionnage)
Umuvugizi w’igisirikare c’Urwanda Brig Gen Joseph Nzabamwita yamirira kure ivyashikirijwe n’igiporisi c’Uburundi.
Mu kiganiro yatanze, umuvugizi w’igisirikare c’Urwanda yamenyesheje ko amakuru avuga ko uwafashwe ari umusirikare w’Urwanda ari ikinyoma cambaye ubusa.

afa

Brig Gen Nzabamwita yamenyesheje ko igisirikare c’Urwanda kidafise umusirikare yitwa gutyo [Caporal Rucyahintare Cyprien], ndetse ko n’inomero ziranga umusirikare zatangajwe n’igiporisi c’Uburundi zitabaho muri ico gisirikare.

N’aho igisirikare c’Urwanda kimenyesha ko kitazi uwo bivugwa ko yafatiwe mu Burundi, OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yamenyesheje ko uwafashwe ari Caporal Cyprien Rucyahintare w’imyaka 24. Yinjiye mu gisirikare c’Urwanda mu mwaka w’2011.

OP1 Pierre NKURIKIYE avuga kandi ko uwo yafashwe akorera mw’ikambi ya gisirikare y’ahitwa Gabiro, akavuga ko nawe nyene avyiyemerera, mbere akiyemerera kandi ko yize ibikorwa vy’ugusuma urusaku, ari navyo igiporisi kivuga ko yariko arakora mu Burundi.
Cyprien Rucyahintare ubwiwe amenyesha ko atigeze afatwa, akavuga ko ariwe yishikanye ku nzego z’umutekano.