Muramvya : Ikiziga c’umugabo catowe mu nzu

0

Ikiziga c’umugabo catowe mu nzu yiwe iri ku musozi Mugerera, komine Mbuye intara ya Muramvya. Ico kiziga catowe mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu ni ic’umugabo azwi kw’izina rya Adelin NDAYISHIMIYE w’imyaka 37.

Uwo mugabo w’abana bane yatowe ikiziga amanitse ku mugozi, mu giporisi c’intara ya Muramvya bakikeka ko yoba yariyahuye, aho akaba ari mu gihe atari abanye neza n’umugore wiwe yamwagiriza ko arenga ibigo mu kuja mu bandi bagabo.

Uwo mugore hamwe n’umugabo bahora bagendana baciye bafatwa n’igiporisi ku mvo z’amatohoza.