Monday, September 26, 2022
HomeNewsImyeyerekano 'ikomeye' yo kwiyamiriza Ubumwe bwa Afrika.

Imyeyerekano ‘ikomeye’ yo kwiyamiriza Ubumwe bwa Afrika.

Kuri uyu musi gatandatu itariki 08 Kigarama 2018, abanyagihugu isinzi mu Burundi nka bwose bazindukiye mu myiyerekano ikomeye(Demonstrations de force) yo kwiyamiriza ishirahamwe ry’ubuwme bwa Afrika ku bijanye n’ukuntu ritabona kumwe ibijanye n’ihagarikwa ry’abagirizwa kugandagura Ndadaye Melchior.

Mu vyapa bafise abari muri iyo myiyerekano, baramenyehsa ko biyamirije na cane cane umukuru w’Ishirahamwe ry’ubumwe bwa afrika, Moussa Faki Mahamat, kubera ukuntu yamenyesheje ko adashigikiye koo Uburundi buhagarika Buyoya Pierre kubera kwoba ari ‘ukwonona ituze yari isanzwe ihari mu Burundi.

Abo bakora imiyerekano babonetse cane cane mu gisagara ca Bujumbura bakaba bashigikiye ingingo ya leta yo kurengutsa mu Butungane abagirizwa igandagurwa rya Ndadaye Melchior.

Hari nabari bafise ivyapa bigira biti:” Wewe Mushingantahe Moussa Faki Mahamat, hagarika ubujuju bwawe, Uburundi ni igihugu cikuki”.

Raba amwe mu mafoto yabari mu myiyerekano:

Must Read

Léonce Ngendakumana avuga ko Perezida Ndayishimiye yabeshe muri ONU ko...

0
Ivyo umukuru w'igihugu c'uburundi Varisito Ndayishimiye yashikirije mu nama ya bose ya ONU igira 77 aho yavuga ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu...