Thursday, October 6, 2022
HomeNewsYoweri Museveni yoba azokwemera ivyo yasabwe na Petero NKURUNZIZA ?

Yoweri Museveni yoba azokwemera ivyo yasabwe na Petero NKURUNZIZA ?

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yasavye ko hotegurwa inama idasanzwe yoba iyo kwiga gusa ikibazo c’Uburundi n’Urwanda, inyuma y’aho akaba ariho hotunganwa inama igira gatanu ariyo ya nyuma y’ibiganiro bihuza Abarundi.

Mw’ikete yandikiye umukuru w’igihugu wa Uganda Yoweri Kaguta Museveni asanzwe ari nawe arongoye ubu umuryango wa Afrika y’ubuseruko, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yasavye ko inama idasanzwe ya Afrika y’ubuseruko yotumwako, ikaba izoba igamije kwiga gusa amatati ari hagati y’igihugu c’Uburundi n’Urwanda.

Kubwa Petero NKURUNZIZA, inyuma y’iyo nama niho ibiganiro vya nyuma vyosubira gutumwako, abanyeporitike baheze bashireho urupapuro rw’inzira ruzoshikana Uburundi mu matora yizewe kandi ahuza bose.

Muri iryo kete yarungikiye umukuru w’igihugu Yoweri Kaguta Museveni, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yabwiye abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko ko bakwiye kumenya ko intango y’ibibazo vy’Uburundi ari Urwanda rwahonyanze ingingo ya gatandatu y’amasezerano agenga ibihugu vya Afrika y’ubuseruko.

Umukuru w’igihugu NKURUNZIZA yagiriza Urwanda ko arirwo ruhaye indaro abantu bagirizwa ko bashatse gutembagaza ubutegetsi bw’Uburundi kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015. Urwanda rwagirizwa kandi ko arirwo rutanga imyimenyerezo ya girikare ku mirwi y’abantu batera igihugu c’Uburundi.

Umukuru w’igihugu ca Uganda Yoweri Kaguta Museveni ntaratanga inyishu y’iryo kete yandikiwe.

Must Read

Umushingwamanza Sandra Ndayizeye yakuyemwo akarenge mu rubanza rw’uwo aburanira muganga SAHABO.

0
Umushingwamanza Sandra Ndayizeye aburanira muganga Sahabo Christophe yaraye akuyemwo akarenge mu rubanza rw'uyo yaburanira iki gihe apfungiwe mw'ibohero rya Ruyigi. Sandra Ndayizeye akaba yagiriyeko...