Muramvya : Abagirizwa urupfu rwa Piyo NAHAYO bafashwe n’igiporisi

0

Inyuma y’urupfu rw’umunyagihugu azwi kw’izina rya Piyo NAHAYO yagandaguwe ku munsi wa gatanu w’indwi iheze, igiporisi c’Uburundi cafashe abantu batatu bagirizwa ubwo bwicanyi.

Amakuru dukura mu ntara ya Muramvya, komine Kiganda avuga ko abafashwe ari Céleus Sabushimike, Vianney Nkunzimana hamwe na Désiré Manirambona.

Bose bahagaritswe ku mugoroba wo kuri uwu wa gatatu, bafatirwa ku musozi Ngoro, komine Kiganda, bakaba bapfungiwe mu gasho k’igiporisi k’iyo komine ya Kiganda.

Piyo NAHAYO yagandaguwe atemagujwe imipanga, amatohoza ku rupfu rwiwe akaba akibandanya.