Ibombora Bombora muri CNARED!

0

Mu rwandiko rwagiye ahabona, biragaragara ko mu runani CNARED bitoroshe ahubwo ko ari ibombora bombora. Umukuru w’urwo urunani ariwe jean Minani ari kumwe n’abamushigikiye arahanganye n’umurwi uri muri urwo runani nyene ushigikiye cane Alexis Sinduhije ko aja ku burongozi bw’urwo runani.

Jean Minani akaba yari agize imisi yagirizwa gutwara nabi urwo runani hamwe no gukoresha aka mwana wa mama muri urwo runani ruhurikiyemwo abatavuga ruwe na leta y’I Bujumbura bari hanze y’igihugu.

Urwo rwandiko ruravuga ivyo kudahuza mu ngingo zagiye zirafatwa hagati ya Jean Minani n’umugwi wa Alexis Sinduhije.

Bikaba binavugwa cane ko Minani Jean ashobora gusezererwa muri urwo runani mu kwezi kwa Mukakaro buca dutangura.