Muramvya : Abagabo babiri baciriwe umunyororo w’imyaka itanu

0

Abagabo babiri baciriwe umunyororo w’ugupfungwa imyaka itanu umwe wese, mu rubanza rw’ikibiriraho rwasomwe na Sentare nkuru y’intara ya Muramvya kuri uwu wa gatatu.

Uwa mbere yaciriwe ico gihano c’ugupfungwa imyaka itanu ni Gervais Ndimurwanko yagiriwe n’icaha c’ugufatanwa, kunywa hamwe n’ukudandaza ibiyayura mutwe. Aho ni mu gihe yari yafatanwe udutu mirongo itandatu na dutanu (65 boules) tw’urumogi.

Uwugira kabiri nawe nyene yaciriwe gupfungwa imyaka itanu ni Cyriaque Miburo yagiriwe n’icaha c’ukwiba ikinga, akaba yafatanwe itonga afise iryo kirya yari yivye.

Kuri ico gihani bompi baciriwe, uwo wa mbere ariwe Gervais NDIMURIRWO azotegerezwa kandi gutanga ihadabu (Amande) ry’amafaranga ibihumbi amajana abiri na mirongo itanu y’amarundi (250mille Francs Burundais).