Monday, September 26, 2022
HomeNewsBujumbura : Umuriro ahakorera ishirahamwe ISTEEBU

Bujumbura : Umuriro ahakorera ishirahamwe ISTEEBU

Ibiro bikuru vy’ishirahamwe ISTEEBU (Institut de Statistiques et des Etudes Économiques du Burundi) biri muri komine Mukaza, zone Rohero, mu gisagara ca Bujumbura, vyatewe n’umuriro ku mugoroba wo kuri uwu wa kane, nk’igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba.

Mu giporisi bamenyesha ko uwo muriro yatewe n’intsinga z’amatara zo kw’ikonteri ya REGIDESO (Compteur) zononekaye zakoranyeko (Court-circuit).

Nk’uko mu giporisi babandanya babimenyesha, nta cononekaye, kiretse iyo konteri itazosubira gukora, hamwe n’umuryango wabomowe n’abaporisi kugira bashike ahari iyo konteri. Aho akaba ari mu gihe uwo muriro wadutse abakozi ba ISTEEBU bamaze gutaha.

Must Read

Léonce Ngendakumana avuga ko Perezida Ndayishimiye yabeshe muri ONU ko...

0
Ivyo umukuru w'igihugu c'uburundi Varisito Ndayishimiye yashikirije mu nama ya bose ya ONU igira 77 aho yavuga ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu...