ONU ivuga ko Uburundi Buriko bufasha inyeshamba zitera Urwanda.

0

Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ryagirije Uburundi, mu cegeranyo ryashize ahabona ko Uburundi buriko bufasha abarwanyi barongowe na kayuba Nyamwasa kugira ngo batere Urwanda.

Kayumba Nyamwasa akaba arumwe avugwa ko ariwe atanga imyemeyerezo ya gisirikare kuri abo barwanyi ari mu gihugu ca Afrika y’Epfo, ariko kandi abifashijwemwo n’igihugu c’Uburundi.

Uburundi bwagirizwa, muri ico cegeranyo casohotse muri Nyakanga 2018 n’abahinga ba ONU ko Uburundi bufasha mu gutegura abo barwanyi ba Kayumba Nyamwasa asanzwe atavuga rumwe na leta y’i Kigali mu kubamenyereza bari mu Buseruko bwa Kongo muri Sud Kivu.

Isoko ry’iyi nkuru, Chimp Reports , ikinyamakuru co mu Buganda cerekana ko cabonye ico cegeranyo ca ONU, kimenyesha ko mu abatanze amakuru b’abarwanyi baha amakuru uyo murwi wa ONU ko mu gisagara ca Bujumbura ariho abo barwanyi bahabwa imyimenyerezo n’ivya nkenerwa kugira bashobore gutera Urwanda.