Mugamba : Abanyeshure babiri bitwaje inkoho bategereye imodoka

0

Abana b’abanyeshure babiri bari bitwaje ibirwanisho bateze imitego imiduga yo mu bwoko bwa FUSO, muri zone Vyuya, komine Mugamba intara ya Bururi. Abanyagihugu begereye ahabereye uwo mutego bamenyesha ko imiduga yategerewe yari itwaye ibidandazwa bigizwe n’imyumbati yari imanukanwe mu gisagara ca Bujumbura. Abo banyeshure bitwaje inkoho basahuye iyo miduga amafaranga ataramenyekana igitigiri.

Buramatari w’intara ya Bururi, Christian NKURUNZIZA yamenyesheje ko umwe muri abo banyeshure babiri yafashwe, akaba yiga mu mwaka wa gatanu w’amashure mato mato. uwo bari kumwe yiga mu mwaka w’indwi akaba yabasize. Igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko inyuma y’uwo mutego wabaye kuri uwu wa kane, hafashwe inkoho imwe yo mu bwoko bwa Kalashnikov irimwo amasasu abiri.

Abajejwe intwaro muri komine Mugamba bamenyesha ko bikeka ko abo banyeshure bakoze uwo mutego boba bakorana n’umusirikare yahora mu gisirikare c’Uburundi aheruka gufatwa, akaba avyiyemerera ko ariwe yategura imitego yose yabereye kuri iryo barabara imbere y’uko afatwa.

Uwo mutego wabaye kuri uwu wa kane ubaye uwugira gatanu ukozwe n’abantu bitwaje ibirwanisho kuri iryo barabara.

Tubibutse ko ivyo bibaye mu gihe ikiringo umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yari yatanze kugira abahungabanya umutekano muri komine ya Mugamba bishikane n’umutekano ube wagarutse caheze kw’igenekerezo rya 15 Ruheshi 2016. Muri ico kiringo, abantu bane nibo bishikanye nk’uko bishikirizwa n’igiporisi c’Uburundi.

ult

OP1 Pierre NKURIKIYE umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi avuga ko hari n’abantu 26 bikekwa ko bari mu bagizi ba nabi bafashwe n’abajejwe umutekano, abandi bantu 12 nabo bakaba bariko baronderwa n’inzego z’umutekano. Muri ico kiringo c’iminsi cumi n’itanu cari catanzwe na Petero NKURUNZIZA umukuru w’igihugu c’Uburundi, mu giporisi bavuga ko hafashwe inkoho zitandatu zo mu bwoko bwa Kalashnikov.