Abana bagera kuri 31 nibo bamaze kwicwa mu Burundi kuva muri Ndamukiza 2015

0

Abana 31 nibo baharurwa ko bamaze kwicwa mu Burundi kuva hatanguye mu kwezi kwa kane umwaka w’2015, imyiyerekano y’ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA.

Mu cegeranyo casohowe n’urunani rw’amashirahamwe aharanira agateka k’abana FENADEB (Fédération Nationale des Associations engagées dans le Domaine de l’enfance au Burundi), bamenyesha ko abo bana bishwe barashwe, abandi bahitanwa na gerenade zatewe mu mihingo itandukanye y’igihugu c’Uburundi.

polie

Jacques NSHIMIRIMANA umukuru w’urwo runani avuga ko abana hafi amajana ane nabo bafashwe n’igiporisi, mu nyuma bararekurwa. Mu runani FENADEB bashikiriza ko intureka ziri mu Burundi zituma igitigiri c’abana bo mw’ibarabara ciyongera, abandi nabo bagatandukana n’abavyeyi babo, hamwe n’abaca bakoreshwa muri poritike canke bagatwarwa mu mirwi irwana.

Mu kwezi kwa Ntwarante 2016, ishirahamwe mpuzamakungu ryamenyesheje ko mw’ikambi y’i Nduta mu gihugu ca Tanzaniya honyene hari abana b’Abarundi baharurwa mu 1570, abo bose akaba ari abatandukanye n’imiryango yabo, inyuma y’urwimo Uburundi bwinjiyemwo kuva mu kwezi kwa kane umwaka w’2015, mu gihe hari hatanguye imyiyerekano y’ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA.