Shassil Nahimana yatowe nk’umukinyi yarushije abandi mw’ihiganwa riherutse kurangira

0

Umukinyi wo hagati w’umugwi wa vitalo n’umugwi nserukira gihugu w’uburundi intamba mu rugamba yatowe n’abamenyeshamakuru b’inkino kwariwe mukinyi yigenjeje neza mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere riheruka kurangira
shassil
Hari igihe c’isaha cumi aho abamenyeshamakuru b’inkino bahurira ku kigo c’umupira w’amaguru mu burundi ffb kugira batore umukinyi yigenjeje neza mw’ihiganwa rya hano mu gihugu c’uburundi riheruka kurangira,ntivyari vyoroshe ko umukinyi shassil nahimana atorwa kuko yahiganwa n’ibihangange nka:Arakaza Mac Arthur,Shabani Hussein tchabalala,laudit mavugo n’abandi benshi,
Shassil Nahimana akaba yatowe ku majwi 33 mu gihe uwamukurikiye ari umukinyi bakinana muri uyo mugwi wa vitalo fc uyo nawe s’uwundi ni:Arakaaza Mac Arthur

Uyo mukinyi akazoca ahabwa agashimwe ku munsi w’imana mu ntara ya Rutana ahazoba hariko habera urukino rwa nyuma rw’igikombe c’umukuru w’igihugu ruzohuza umugwi wa vitalo fc hamwe n’umugwi wa Messager Ngozi