Abakozi b’ishirahamwe TORRES rikorera ku buserukizi bwa Amerika mu Burundi bagiye kwitura ubutungane

0

Abakozi barenga 200 b’ishirahamwe TORRES ricungera umutekano ku nyubakwa y’ubuserukizi bwa Reta zunze ubumwe bwa Amerika mu Burundi barahagaritse akazi kuva kw’igenekerezo rya mbere Kigarama 2018, bakaba bavuga ko batarota basubira ku mirimo mu gihe batoronswa inyishu kuvyo basaba kandi barekurirwa n’amategeko.

Abo bakozi bari mu gukwiza indwi zitatu bahagaritse akazi bavuga ko bagiye kwitwarira umukoresha wabo mu butungane, bamwagiriza ko yadugije amasaha y’akazi, akava ku masaha 8 ategekanijwe n’amategeko aja ku masaha 12.

Abo bakorera ishirahamwe TORRES ricungera umutekano ku nyubakwa y’ubuserukizi bwa Reta zunze ubumwe bwa Amerika mu Burundi hamwe no ku ngo z’abakozi bakuru b’ubwo buserukizi bavuga kandi ko batarigera baronswa urupapuro (Copie) rw’amasezerano y’akazi, aho akaba ari mu gihe bakwije imyaka umunani bakora, ivyo bo babona ko ari ukutubahiriza uburenganzira bw’umukozi hamwe n’amategeko agenga akazi.

Kuri ivyo abakozi b’ishirahamwe TORRES ricungera umutekano ku nyubakwa y’ubuserukizi bwa Reta zunze ubumwe bwa Amerika mu Burundi bashikirije, mu buserukizi bwa Amerika mu Burundi bemeye kuzogira ico bashikirije mu makuru yacu yo hanyuma.

Tubamenyeshe ko iryo shirahamwe TORRES rfise icicaro gikuru muri Reta zunze ubumwe za Amerika, ariko ko mu Burundi riserukirwa n’ishirahamwe “Les Vigiles Burundais”.