Umuyobozi w’ishure yafashwe yihinduye umunyeshure ahejeje gucirwa urubanza

0

Sentare nkuru ya komine Mukaza igisagara ca Bujumbura ihejeje gucira urubanza Benjamin MANIRAMBONA rw’ugupfungwa imyaka itanu, hamwe n’ukuzomara imyaka icumi adakoze akazi ka Reta.

Uwo muyobozi w’ishure ry’imyuga ryo muri zone Buterere mu gisagara ca Bujumbura yasomewe urwo rubanza kuri uwa mbere, mu ntahe y’ikibiriraho. Benjamin MANIRAMBONA yagirijwe ivyaha bine bigizwe n’ugukoresha imyidondoro atari iyiwe, gukoresha amanyanga mu kibazo canke, kubesha mu kibazo ca Reta, hamwe n’ugukora ama birete (Bulletins) ya magendu).

Benjamin MANIRAMBONA, umuyobozi w’ishure ryisumbuye ryigisha imyuga ryo mu Buterere yari amaze iminsi ine apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba i Bujumbura, akaba yafashwe mu gihe kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 10 Myandagaro 2018, ariho hariko hasozerwa ikorwa ry’ikibazo gitanga uburenganzira bw’ugutangura inyigisho za Kaminuza. Uwo munsi habaye akataraboneka mu gisata c’indero mu Burundi, aho uwo muyobozi yafashwe ariko akora ikibazo ca Reta gitanga uburenganzira bw’ukwinjira mu mashure ya Kaminuza.

MANIRAMBONA Benjamin yari yihinduye umunyeshure, yambara impuzu zisa n’iz’abanyeshure, nawe akora ico kibazo ca Reta mu bandi banyeshure biwe bariko bakorera kw’ishure ryitiriwe ikiyaga Tanganyika (Lycée du Lac Tanganyika).

Umushikiranganji ajejwe inyigisho, Janviere NDIRAHISHA yaciye yishikira muri ico kibanza, uwo muyobozi akaba yaciye atabwa muri yompi.