Michel KAFANDO ari mu rugendo mu Burundi

0

Intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi Michel KAFANDO ari i Bujumbura kuva kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 3 Nyakanga 2018.

Abagize ibiro vy’iyo ntumwa mu Burundi bamenyesha ko urugendo Michel KAFANDO arimwo mu Burundi rufise intumbero y’ukuvugana n’abegwa n’ibibazo vya poritike biri mu Burundi, ku biganiro bigira gatanu, kandi bishobora kuba ari ivya nyuma bihuza Abarundi bitegekanijwe.

Mu kiringo c’iminsi indwi Michel KAFANDO azomara mu Burundi, bitegekanijwe ko azobonana n’abanyeporitike batandukanye, abari muri Reta y’Uburundi hamwe n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike.

Mwomenya ko bitegekanijwe ko inyuma y’urwo rugendo, hazosohoka itangazo rivuga ivyaranguwe n’iyo ntumwa y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, ayo makuru tukazoyagarukako inyuma y’urwo rugendo.