Ngozi : Abantu indwi bitwaje inkoho imwe bafatiwe mw’ihoteri “Maison Jaune”

0

Abantu bagera ku ndwi nibo bafatiwe mw’ihoteri “Maison Jaune” iri mu gisagara ca Ngozi, bagirizwa ko ari abagizi ba nabi biba bakoresheje inkoho, bakaba bagirizwa kandi ko aribo barashe amasasu yakomerekeje abantu babiri mw’ijoro ryo ku munsi w’Imana w’indwi iheze. Kuri abo indwi bafashwe hiyongerako NKUNZIMANA Willy asanzwe ajejwe iyo Hoteri bafatiwemwo (Gérant), uwo nawe akaba yagirizwa ko akorana n’abo bagizi ba nabi mu kubaha uburaro.

Abo bantu bafashwe ku mugoroba wo kuri uwu wa mbere, nk’igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba, abafashwe akaba ari BARACAMBARIZA Pontien yagirizwa ko asanzwe ari inkozi y’ikibi karuhariwe ikora ubugizi bwa nabi ikoresheje ibirwanisho, mbere mu giporisi bakavuga ko asanzwe ahora aja gukora ubwo bugizi bwa nabi mu bindi bihugu nk’Urwanda na Kenya. Uwo ni nawe yafatanwe inkoho yo mu bwoko bwa Kalashnikov bivugwa ko yayivye umuporisi mu kwezi kwa gatanu umwaka w’2018 ku kirindiro c’abaporisi kiri muri komine Mwumba, intara ya Ngozi.

Abandi bafatiwe muri iyo Hoteri ni BIGIRIMANA Eugene, IRAMBONA Joseph, NTIHABOSE Piyo, NIMBONA Jimmy, NDAYIRAGIJE Jean Claude, hamwe na NDIZEYE Reverien.

Abo bantu bafatanwe iyo nkoho imwe hamwe na Gerenade imwe, bakaba bariyemereye bose ko aribo bari basanzwe bamaze iminsi bakora ubugizi bwa nabi bugizwe n’ukwibisha inkoho mu ntara za ruguru, bemera kandi ko aribo barashe abo bantu babiri bakomeretse.

Tubibutse ko ku munsi w’Imana igenekerezo rya 2 Nyakanga 2018, mu gisagara ca Ngozi, nk’igihe c’isaha zine z’ijoro, abantu bitwaje ibirwanisho barashe abadandaza babiri ku gasozi Gisagara, komine n’intara ya Ngozi, bakomeretsa mu nda hamwe no mw’izosi abo badandaza babiri aribo HATUNGIMANA Elvis hamwe na BIZIMUNGU Ladouce.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko abo bafashwe bagiye gushikirizwa ubutungane.