Ishirahamwe FENADEB ryashizeho ubuhinga bugiye gufasha kurwanya ubusambanyi

0

Ishirahamwe FENADEB riharanira ineza y’abana ryashizeho ubuhinga bushasha bugiye gufasha kurwanya amabi akorerwa abana aciye ku mbuga ngurukanabumenyi. Muri iryo shirahamwe bavuga ko kubera ubwo buhinga, umuntu azoshobora kumenyesha igihe hari amasanamu y’ibiterasoni arimwo abana azoba ariko arakwiragizwa ku mbuga ngurukanabumenyi.

Jacques NSHIMIRIMANA, umukuru w’ishirahamwe FENADEB avuga ko ubwo buhinga bwashobotse muri FENADEB babifashijwemwo n’ishirahamwe mpuzamakungu ryo mu gihugu c’Ubwongereza rizwi kw’izina rya IWF risanzwe rifise ubumenyi budasanzwe mu bijanye n’ikoreshwa ry’imbuga ngurukanabumenyi.

Jacques NSHIMIRIMANA avuga ati : “Guhera ubu, ubwo buhinga bugiye kuzotuma Abarundi hamwe n’ababa mu Burundi bashobora kumenyesha mw’ibanga ntangere amashusho canke amasanamu y’ubusambanyi canke y’ibiterasoni arimwo abana azoba ariko aracishwa ku mbuga ngurukanabumenyi, kugira abahinga karuhariwe b’iryo shirahamwe ryo mu bwongereza basuzume ayo mashusho n’amasanamu, baheze bayafute mu mwanya muto cane, gutyo abana bacu bakingirwe ko ivyababayeko bibabaje bibandanya gukwiragizwa hose, bikomeze kubagirako ingaruka muri kubu no muri kazoza.

Ishirahamwe FENADEB rivuga ko vyibonekeje ko mu mwaka w’2014 hakwiragijwe amasanamu y’ibiterasoni y’abana b’abigeme b’Abarundikazi biga mu bihugu vyo hanze, hamwe no mu mwaka w’2017 aho hari abana b’abanyeshure b’Abarundikazi biga mu gihugu ca Canada bakoreshejwe mu masanamu y’ubusambanyi yakwiragijwe kw’isi yose.

Jacques NSHIMIRIMANA arongoye FENADEB asaba umuntu uwariwe wese gufasha kurwanya amabi akorerwa abana biciye ku mbuga ngurukanabumenyi.