Natacha Ngendabanka agiye kwifadikanya n’abandi bakenyezi ku munsi mukuru wabo

0

Uko umwaka utashe umuririmvyi w’umurundikazi Natacha Ngendabanka yama yifadikanya n’abandi bakenyezi mu guhimbaza umunsi mukuru wabo uba kw’igenekerezo ry’umunani,ukwezi kwa gatatu k’umwaka

Muri uyu mwaka,Natacha akaba yasubiye kandi gutunganya igiteramo kizoba kw’igenekerezo rya 12/3/2015 kuri hotel club du lac tanganyika,
Tumubajije igituma yashimye iryo genekerezo mu gihe dusanzwe tuziko uyo munsi mukuru w’abakenyezi uhimbazwa kw’igenekerezo ry’umunani,ukwezi kwa gatatu,Natacha akaba yatwishuye ati:kw’igenekerezo ry’umunani azoba ari mu ndwi hagati nico gituma rero twashimye guhimbaza ivyo birori kw’igenekerezo rya 12 hakazoba ari ku munsi wa gatandatu.
natacha

Tumubajije abaririmvyikazi bazoshobora kwifadikanya nawe muri ivyo birori,Natacha Ngendabanka akaba yatwishuye ko hazoba hariho abaririmvyikazi benshi nka:channella,esther,grace,soso hamwe n’umuririmvyikazi ava mu gihugu c’ubuganda yitwa lilian nakaweesi abenshi bazi kw’izina rya liane

Tworangiza tubamenyesha ko mu mwaka uheze Natacha Ngendabanka yari yatumiye umuririmvyikazi ava mu gihugu ca tanzania yitwa shaa