Makamba : Umukenyezi yakomerekejwe n’igisasu cari mu murima

0

Umukenyezi wo muri zone Kibago mu ntara ya Makamba yakomerekejwe na gerenade yari mu murima, aho akaba ari mu gihe yari ahejeje guharura muri uwo murima, ariko aturira ivyatsi.

Iyo gerenade atawuzi uwari yayishize muri uwo murima yaciye iturika, iramukomeretsa bikomeye. Ababanyi biwe baciye bihutira kumujana kwa muganga.

inc

Abanyagihugu b’aho mu Kibago basaba abajejwe umutekano gukora ibishoboka vyose kugira ibirwanisho biri mu banyagihugu bikurweho.