Rimwe mu mashengero akorera mu Burundi ryugawe mu gihugu cose

0

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE yafashe ingingo y’ukwugara ishengero “AGAPE SANCTUARY MINISTRIES” mu gihugu cose c’Uburundi, kw’itegeko ry’uwo mushikiranganji nomero 5301/1103 ryo kuwa 16 Myandagaro 2018.

Muri iryo tegeko, umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE amenyesha ko iryo shengero ryataye intumbero, kandi ko ritarangura neza ibikorwa ryiyemeje umunsi risaba kwemererwa gukora muri ubwo bushikiranganji.

Umushikiranganji BARANDAGIYE avuga kandi ko iryo shengero rirangwa n’ubusuma, ari nayo mpamvu nyamukuru yatumye ryugarwa burundu.

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura hamwe naba Buramatari b’intara zose zigize igihugu c’Uburundi basabwe gufasha gushira mu ngiro iyo ngingo, umwe wese mu bimwega.