Major Désiré Uwamahoro yasubirijwe

0

Major Désiré Uwamahoro yahora ari umukuru w’igiporisi kijejwe kurwanya imigumuko (BAE : Brigade Anti-Emeute) bivugwa ko apfungiwe mw’igendereza kuva kuri uwu wa gatandatu, yakuwe mu mabanga yahoramwo, akaba yasubirijwe na OPC2 MANARIYO Emmanuel, afise nomero matirikire OPN 0858.

Major UWAMAHORO akurikiranwa kubera amafaranga yanyuruje, yaguzwe inzahabu. Ayo mafaranga yaguzwe inzahabu, agera ku 330 000 vy’amadorare y’abanyamerika niyo Major Désiré Uwamahoro yatwaye.

ramn

Amakuru duhabwa n’abegereye igendereza ry’Uburundi, n’uko hoba hari ukutumvikana kw’iyungururizwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba kuri iyo ntwazangabo, canke ukurekurwa abanje gutanga ayo mafaranga yagirizwa. Hari ukunyinyurana hagati y’ibihangange bishigikiye Major Désiré Uwamahoro hamwe n’abatamushigikiye bagizwe ahanini na Général Etienne NTAKARUTIMANA arongoye urwego rw’igendereza mu Burundi.