Lieutenant Colonel IKURAKURE abaye uwa kabiri ashinguwe mu biro bikuru vya gisirikare

0

Mu mateka y’igisirikare c’Uburundi, Lieutenant Colonel IKURAKURE Darius yahora arongoye ikambi bataillon de génie des combats yo ku Muzinda yabaye intwazangabo igira kabiri yashinguwe mu nyubakwa z’ibiro bikuru vya gisirikare (État Major Général de l’Armée). Uwa mbere yahashinguwe ni Lieutenant General Firmin SINZOYIHEBA, yahoze ari umushikiranganji w’ukwivuna abansi.

fune

Ibirori vy’ukumushingura vyabaye kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 9 Ndamukiza 2016.

Mu gatondo ko kuri uwu wa gatandatu, umutekano wazindutse ucunzwe cane kw’ibarabara ryitiriwe Pierre NGENDANDUMWE, hafi y’ibitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE, mu micungararo y’ibiro bikuru vya gisirikare, ahashinguwe Lieutenant Colonel IKURAKURE Darius.

away

Aho bamushinguye ni haruguru y’imva ya Lieutenant General Firmin SINZOYIHEBA, yahoze ari umushikiranganji w’ukwivuna abansi, yagandaguwe mu mwaka w’1998.

Lieutenant Colonel IKURAKURE Darius yahora arongoye ikambi bataillon de génie des combats yo ku Muzinda, akaba yagandaguwe ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 22 Ntwarante 2016, mu biro bikuru vya gisirikare (État Major Général de l’Armée), mu kibanza basomeramwo amakuru mashasha (Tableau d’affichage).