Imyaka indwi iraheze Ernest MANIRUMVA agandaguwe bunyamaswa

0

Imyaka indwi yarumanye kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 9 Ndamukiza 2016 Ernest MANIRUMVA yahoze ari icegera c’umukuru w’ishirahamwe OLUCOME agandaguwe bunyamaswa. Uwurongoye iryo shirahamwe, Gabriel RUFYIRI amenyesha ko batazocika intege ukuri kw’iyicwa ryiwe kutamenyekanye. Muri OLUCOME basaba ko ubutungane bwokora.

mani

Mw’ishirahamwe OLUCOME bavuga ko naho batewe ubwoba, babandanya urugamba rw’ukurondera kumenya ukuri, akavuga ko bibabaje kubona ubutungane bw’Uburundi butigeze bwerekana ugushaka kumenya ukuri mu matohoza yakozwe.

Kubwa Gabriel RUFYIRI, ubutungane bw’Uburundi bukiri mu kwaha kwa Reta biragoye ko amatohoza yigenga akorwa, akavuga ko abaguma bica abantu impera n’imperuka bizobagarukako, bagashengezwa imbere y’intahe.

Ernest Manirumva yagandaguwe bunyamaswa mw’ijoro ryo kuwa 8 Ndamukiza 2009, rishira iryo kuwa 9 Ndamukiza 2009. Ikiziga ciwe catowe ku rugo iwe ku Mutanga.

Imbere y’uko agandagurwa, Ernest Manirumva yariko akora amatohoza ku nkoho zagurwa, ariko ntizishike mu gihugu. Izo nkoho zaburirwa irengero zagurwa n’ubushikiranganji bw’umutekano bwari burongowe na Alain Guillaume Bunyoni.