Leta y’Ubwongereza iragabisha ingenzi zitemberera Uburundi!

0

Inyuma y’aho habaye amatora yo guhinyanyura ibwirizwa shingiro, ayemejwe hafi ijana kw’ijana, ama leta amwe amwe ya Buraya na Amerika yaciye atangura kugabisha abanyagihugu bayo batemberera mu gihugu c’Uburundi. Ubwongereza bukaba bwasohoye ingabisho ku bantu bashobora gufata urugendo bakaza mu Burundi kubera impungenge z’umutekano muke mu Burundi.

Iryo tangazo rya leta y’Ubwongereza rigira riti:
Ibiro vy’Ububane n’ayandi makungu bitanga impanuro ko habujijwe ingendo zose :

* Mu Bibanza vyose biriku kilometero kimwe uuye ku rubibe rwa Kongo n’Uburundi;
*Mu Ntara za Cibitoke na Bubanza;
*Mu Kiyaya cimeza ca Ruvubu;
*Ibarabara riva i Bujumbura rija mu ntara ya Cibitoke;
* Ibarabara riva mu Kayanza rica mu kiyaya cimeze ca Kibira
.

Kw’ikarata y’Uburundi, ibibanza bitukura birabujijwe kugenderamwo ku Bongereza

Iryo tangazo rigaca rimenyesha ko ahandi hose hasigaye ku butaka bw’Uburundi hemerewe kugendwa ariko gusa hari ibintu bihamabaye cane. Iryo tangazo rikamenyesha kandi ko abantu b’Abongereza bose bari mu Burundi nimba ata mpamvu yotuma bagumayo bakwiye kuva mu Burundi.

Ingenzi zabwiwe mwiryo tangazo kandi ko ‘zikwiye kwirinda gutembera cane, zikirinda imitororokane hama zikama zigavye ibihe vyose’, zikirinda ibibanza vyabereyemwo ubukozi bw’ikibi mu gisagara ca Bujumbura, na cane cane Kanyosha, Musaga, Mutakura, Kamenge, Cibitoke, Bwiza, Ngagara, Nyakabiga, Gatumba na Bujumbura-rural.

Ni kubera iki igihugu c’Ubwongereza cafashe ingingo yo kugabisha Abongereza baba mu Burundi? Mwomenya kandi ko na Leta zunze ubumwe za Amerika zasavye abanyagihugu baho kwiyubara muri bino bihe mu gihe bari mu Burundi.