Abasore batatu bapfuye baguweko n’umusozi

0

Abasore babiri, MUGISHA Gervais w’imyaka 18 hamwe na NIYONGABO w’imyaka 19 bitavye Imana baguweko n’umusozi kuri uwu wa mbere mu ntara ya Kayanza, nk’igihe c’isaha cumi n’imwe z’umugoroba.

Amakuru atangwa n’igiporisi avuga ko abo basore baguweko n’umusozi mu gihe bariko bimba ubutare bwo mu bwoko bwa Colta.

Mu giporisi bemeza ko ibiziga vy’abo basore bitaraboneka, kubera ibihomoka vy’umusozi.

Ayandi makuru atangwa n’igiporisi c’Uburundi avuga kandi uwundi muntu nawe nyene yimba ubutare bw’inzahabu yitavye Imana ku musozi Kamaramagambo, intara ya Muyinga.

Uwo yitavye Imana nawe nyene aguweko n’umusozi ni Igirubuntu Jules, abandi babiri bagenzi bakaba barakomeretse. Abo nabo ni Nduwimana hamwe na Niyonshikanwa.