Leta Y’Uburundi Isaba Leta Ya Kongo Gutanga Insiguro Ku Bwicanyi Bwahitanye Abarundi Barenga 39 i Kamamyola

0

Nimiburiburi abarundi bahiga ubuhingiro 39 barishwe mu gihugu kibanyi ca Republika iharanira demokrasi ya Kongo, mu gihe abandi barenga 127 bakomeretse bitumwe n’abasirikare ba Kongo kuri uyu wa 15 Nyakanga 2015. Leta y’Uburundi isaba ishimitse igihugu ca Republika Iharanira demokrasi ya Kongo, HCR hamwe n’ingabo za ONU arizo MONUSCO zikorera muri Kongo gutanga umuco kuri ubwo bwicanyi.

Leta y’Uburundi isaba Kongo, HCR na MONUSCO gutanga insiguro zihagije ukuntu nigituma abo Barundi bashika hafi 40 bishwe mu karere ka Kamamyola mu buseruko bwa Kongo ku wa 15 Nyakanga 2017.

Philippe Nzobonariba, Umuvugizi akongera akaba umunyamabanga wa Leta y’Uburundi avuga ko igihugu c’Uburundi kirindiriye inyishu mu gihe Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu Alain Aimé Nyamitwe yabisavye ko hotangwa umuco. “ Ni abanyagihugu bacu, turashaka ko bagaruka muhira iwabo, naho biri uko barafise uburenganira bwo gucungererwa umutekano”, niko Nzobonariba yamenyesheje.

Leta ya Kongo ibicishije ku mushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru Lambert Mende, imenyesha ko ata bwicanyi bw’abarundi bwabaye aho I kamamyola, ahubwo ko abajejwe umutekanop ba Kongo bariko bivuna umurwi w’abarwanyi wari wabateye. Leta ya kongo igahakana ko abishwe ko batari impunzi. “ Umurwi w’abicanyi w’abarwanyi batazwi iyo baje bava bararasanye nabasoda ba Kongo FARDC. Aba FARDC barafashe umwe muri abo barwanyi maze abarundi baca batera ibiro vya FARDC hama bica umusirikare uymwe wa FARDC”, niko Lambert Mende yamenyesheje. Abandanya amenyesha ko aba FARDC bishe abo bantu mu gihe bariko barondera gusubiza inyuma abo bicanyi.

Ivyo biri uko mu gihe ibiro vya MONUSCO I Kongo vyasavye bidatevye ko hokorwa amatohoza ku bwicanyi bwahitaye hafi abarundi bashika 40. Abo Barundi bakaba bahambwe ku musi wa mungu itariki17 Nyakanga 2017 ata mutegetsi numwe wo mu Burundi ahari.