Génève: ONU Irihweza Icegeranyo Giheruka Gusohoka Ku Mabi Yakozwe Mu Burundi.

0

Ishirahamwe mpuzamkungu ONU ririko rikora inama idasanzwe kuri uyu wa 19 Nyakanga 2017 i Geneve mi gihugu c’Ubuswisi ku vyerekeye uko agateka ka zina muntu kifashe mwisi. Niho hitezwe cane ko Iryo shirahamwe mpuzamakungu ONU ryihweza mu buryo bwimbitse icegeranyo giheruka gusohorwa n’abahinga ba ONU cavuga ko abategetsi bamwe bamwe hamwe ba Leta y’Uburundi na bamwe mu batavuga rumwe na Leta ko bakoze amabi y’agahomerabunwa(Crimes contre l’Humanité).

Nkuko umuvugizi akongera akaba umunyamabanga wa Leta y’Uburundi,Phillipe Nzobonariba yabimenyesheje, Uburundi bwaserukiwe n’intumwa zirongowe n’umushikuranganji ajejwe ivy’agateka ka zina muntu mu Burundi,Martin Nivyabandi.Nzobonariba akaba yamenyesheje impagararo ya Leta y’Uburundi itarahinduka ku vyerekeye ico cegeranyo:Leta y’Uburundi iriyamiriza yivuye inyuma ico cegeranyo ‘gihengamye’ ,nkuko Leta ibivuga.

Phillipe Nzobonariba akamenyesha ko intumwa zagiye ziserukira Uburundi zagiye zifise ivyiyumviro bifashe kugira berekane imbere y’isi yose ko ico cegeranyo cubakiye ku makuru atari yo, y’ibinyoma.Leta y’Uburundi ikagirako isaba Ishirahamwe Mpuzamkungu ONU kutagwa muri uwo mutego wo kwemeza raporo itariyo.

Naho biri uko nivyo kurindira kugira tumenye ingingo ONU iza gufata ku bijanye nico cegeranyo giteye ubwoba bamwe kandi giteye impari zitari zike.Ni mu gihe Willy Nyamitwe agize imisi akoresha ikiganiro mu Bufaransa mu gusagara ca Paris ko agateka ka zina muntu kubahirijwe neza mu Burundi.