Leta Y’Uburundi imenyesha ko yahagaritse ibiganiro, impamvu ya vyose ngo nuko…….

0

Mugihe abatari bake bari bizeye ko Uburundi bugiye kuronka amahoro kuri bose ,reta ya Nkurunziza yoyo ihejeje Ku vyanka ibicishije kumugwi wari wayiserukiye mwitangugwa ryivyo biganiro I Kampala mugihugu ca Uganda a !Mwitangazo rihejeje gushirwako umukono numushikiranganji wimigenderanire nibindi bihugu Aime Nyamitwe, reta ya Nkurunziza imenyesha ko itagishoboye kubandanya ibiganiro!

nyamitwe

Nkuko ivyavuye muriryo yugururwa ryibiganiro vyari bimaze kuja ahabona aho hari hategekanijwe ko ibiganiro nyezina bizotangurira mugihugu ca Tanzania I Arusha, reta ya Nkurunziza ihejeje kumenyesha ko izo gahunda zafashwe itabanje kugirishwa inama ningiro ! Kurubwo rero ,yiyemeje gusokora ndetse ikaba itagize icisaba cokogwa kugira abarundi baronke amahoro!

1916685_1540093986311351_3819594085634418336_n

Reta Nkurunziza irangiza ishimira umuhuza wabarundi Yoweri Kaguta Museveni kukigoro yari yagize kugira ivyo biganiro bitere imbere maze ABARUNDI baronke amahoro!

Tukabamenyesha ko ,harihategekanijwe itangurwa ryibiganiro nyezina, mumwaka uza itariki 6 Nzero 2016 ,I Arusha muri Tanzania