Alexis Sinduhije abandanya kwemanga ko ashigikiye abafata ibigwanisho

0

Umukuru w’umugambwe MSD ” Alexis Sinduhije ” abandanya kwemanga ko ashigikiye barya bana batora ibigwanisho bakaja kurwanya Leta ya Petero Nkurunziza, kuri we ngo ni intwari kandi ngo bariko bitangira igihugu.

sinduhije-alex

Kubwa Alex Sinuhije, we abona ko umukuru w’igihugu ikibanza arimwo ataragikwiriye ahubwo ko yarakwiye kuba ari mumunyororo

We ati “: Nihagera ko dushinga umugwi wa gisirikare ,tuzobimenyesha ntituzobitinya! Ikibanza ca Petero Nkurunziza mwiki gihe ,sikuyobora uburundi ahubwo Yarakwiye kuba ari mumunyororo!

Alexis Sinduhije yabandanije agira ati : bariya bana biyemeje gufata ibigwanisho nintwari ! Barya bana bagwanya Nkurunziza baritanga kandi bariko bitangira igihugu! Bariya bana bagwanira ukuri kandi nintwari zacu!