Léonard NYANGOMA n’abandi 14 bakuweko imitahe y’ukubahagarika

0

Umukuru w’urunani rw’abatavuga rumwe na CNDD FDD, Léonard NYANGOMA hamwe n’umuvugizi wiwe Pancrace CIMPAYE bari ku rutonde rw’abantu 15 umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika Valentin BAGORIKUNDA yakuyeko imitahe yabarondeza mu bihugu bahungiyemwo. Urwo rutonde ruriko n’abandi banyeporitike bakomeye babiri biyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA, bamwe bo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, hamwe n’umwe mu bakuru b’itangazamakuru mu Burundi. Ubutungane bw’Uburundi bwari bwasohoye imitahe y’ukubahagarika aho bari hose mu bihugu bahungiyemwo (Mandats d’arrêts internationaux), bose bakaba bahora bagirizwa uruhara ubutungane bw’Uburundi bwavuga ko bagize mu gushaka guhirika ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA, kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015

bago

Abakuweko imitahe mpuzamakungu ni :

NKURUNZIZA Aimé, umushingamateka yahora arongoye umurwi wamaho mu nama nshingamateka ujejwe ibibazo vya poritike, akaba ari mu bagumyabanga ba CNDD FDD biyamirije ikiringo ca gatatu

NKURUNZIZA Justine arongoye ishirahamwe COSOME

BARAMPAMA Marine yigeze kuba icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu

BIREHA Audace

SEBUDANDI Christophe

NSABIYUMVA Evariste

KANYANGE Géneviève yahora arongoye igisata c’abakenyezi mu mugambwe CNDD FDD (Abakenyererarugamba)

NDAYIZIGA Oscar, umushingamateka, akaba yahoze arongoye intara ya Muramvya (aheruka kwitaba Imana)

RUFYIKIRI Gervais yahora ari icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu

NTAVYOHANYUMA Piyo yahora ari umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi

MABOBORI Catherine yahora ari umuvugizi w’ibiro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu

NDAYISENGA Félix

CIMPAYE Pancrace, umuvugizi w’urunani CNARED

NYANGOMA Léonard, umukuru w’urunani CNARED

KABURAHE Antoine, umumenyeshamakuru arongoye ikinyamakuru IWACU