Kirundo : Abanywanyi batatu ba Rwasa Agathon bapfunzwe

0

Abanywanyi batatu b’umugambwe FNL ishami rya Agathon Rwasa bo ku mutumba Gatemere na Rurira muri zone Murore komine ya Busoni, mu ntara ya Kirundo bapfungiwe mu gasho k’iyo komine kuva kuri uwu w’Imana.

Abo banywanyi baragirizwa n’abajejwe intwaro gukora inama itemewe n’amategeko. Abo bagirizwa ni Gaspard Mutabazi umukuru w’umugambwe muri zone Murore muri komine ya Busoni, icegera ciwe Ladislas Niragira hamwe na Jean Marie Vianney Kurunyunge arongoye uwo mugambwe ku mutumba wa Gatemere.

Oscar Nizigiyimana arongoye umugambwe FNL ishami rya Rwasa mu ntara ya Kirundo avuga ko ico bapfungiwe kitaratomoka neza, agasigura ko ihagarikwa n’ifatwa ry’abo banywanyi b’umugambwe arongoye ritisunze amategeko.

Pascal Misago, umukuru w’agacimbiri Gatemere avuga ko abo bayoboke ba Rwasa Agathon bafashwe mu gihe bari bahejeje inama y’umugambwe itemewe n’amategeko.

Mu gihe uwurongoye umugambwe FNL ishami rya Rwasa mu ntara ya Kirundo avuga ko abanywanyi babo bafashwe hatisuzwe amategeko, akavuga ko mu babigiyemwo harimwo indongozi z’umugambwe uri ku butegetsi, Jean Berchimas Ndabereze arongoye CNDD-FDD umwe mu bavugwako aribo bafashe abo banywanyi ba FNL, asigura ko bakoreye ku makuru bahawe, bica biba ngombwa ko arengera umugambwe mu guhagararira umutekano.

Hari haciye amezi atatu gusa muri iyo Komine hahagaritswe indongozi za FNL mu ntara ya Kirundo no mu karere ka Bweru-Buyogoma kagizwe n’intara za Kirundo, Muyinga na Cankuzo.

Izo ndongozi nazo nyene zaheruka gufatwa zagirizwa kugira inama itemewe n’amategeko, zikaba zarekuwe inyuma y’indwi zibiri zamaze mu gasho ka Komine Busoni.