Nigiki kigiye kugarukana Iry Tina mu Burundi?

0

Umuririmvyi w’umurundikazi Iry Tina agiye kugaruka mu gihugu ciwe c’amavukiro mu kwezi kw’indwi aje gukora igiteramo nkuko amakuru ikinyamakuru cacu ubmnews dukesha uwusanzwe ajejwe kumenyekanisha amakuru yuyo muririmvyi w’umurundikazi asanzwe akorera akazi kiwe mu gihugu c’ubuganda
tina
Aganira n’ikinyamakuru cacu ubmnews uwujejwe kumenyekanisha amakuru ya Iry Tina ariwe Yves akaba yatumenyesheje ko Iry Tina agiye kugaruka mu burundi aje gukora igiteramo kinini cane aho ico giteramo azogikora mu ntumbero yo gushira ahabona urukurikirane rw’indirimbo ziwe,urukurikirane yise”Kingwera Wa”,aho abandanya avugako muri ico giteramo co gushira ahabona urukurikirane rwiwe hazoba hari abagiserukiye bagera kuri 4(Ambassadeur) abo nabo ni umumenyeshamakuru wa hano mu burundi naho atashimye kumutubwira izina,umukinyi w’umupira akomeye cane,umukinyi w’amareresi wo mu gihugu ca tanzania hamwe n’umuririmvyi ava mu gihugu c’ubuganda
iry tina
Kubatazi Iry Tina raba hano imwe mu ndirimbo ziwe: