Kirundo : Abantu batanu bo mu muryango umwe batuririwe mu nzu

0

Igiporisi mu ntara ya Kirundo imaze gufata abantu batatu, ku mvo z’amatohoza ku batuririye mu nzu umuryango w’abantu 5 ku mutumba Bucana muri Komine Gitobe.

Abajejwe intwaro bamenyesha ko kumenya ico ubwo bwicanyi bwoba bwaraturutseko bikigoranye. Abanyagihugu bo mu gacimbiri Busama aho vyabereye bigiriye inama yo kuzokwama bibuka abo baturiwe.

Abo bakekwa kugira uruhara muri ubwo bubisha bose n’abo mu muryango umwe ariko. Naho bafashwe, umuhanuzi wa musitanteri ajejwe intwaro n’imibano avuga ko bikigoye kumenya neza ico abo bantu boba barazize. Ni mu gihe 2 muri abo bafashwe bigeze kuba bafitaniye amatati y’amatongo, ababanyi babo bakemeza ko vyari vyaraheze ivyo bapfa.

N’abanyagihugu bo mu gacimbiri Busama aho habereye ububisha, bavuga ko ivyabaye ari agahomerabunwa. Ikibanza abo bantu bahambwemwo cariko kirategurwa neza n’abo banyagihugu kugira habere imisa yo kubasezera. Abo banyagihugu bakaba bigiriye inama yo gutegura neza ico kibanza kugira bazokwame bibuka izo nzirakarenga uko umwaka uzoba utashe.

Muri ubwo bugizi bwa nabi, abapfuye ni umugore nyene iyo nzu yaturiwe, hamwe n’umuhungu wiwe w’imyaka cumi n’itandatu.

Abandi bari muri iyo nzu bapfuye ni muramukazi wa nyene inzu, akaba nawe yari kumwe n’abana biwe babiri umwe w’imyaka 16, uwundi w’amezi umunani, abo batatu bakaba bari abashitsi ba nyene iyo nzu bari baje kumuramutsa.

Abajejwe intwaro muri komine Gitobe intara ya Kirundo bameneysha ko ubwo bubisha bwoba bwavuye ku matati y’amatongo, kuko uwo mugore nyene iyo nzu yaheruka kugabura itongo n’abo bavukana.

Musitanteri wa komine Gitobe avuga ko umuntu umwe ariwe yamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza.