Bururi : Abanyeshure 82 birukanwe bagirizwa umukuru w’igihugu NKURUNZIZA

0

Abanyeshure 82 kuri 90 bo mu mwaka w’8 kw’ishure ryisumbuye rya komine Ruhinga i Nyagasasa muri komine Mugamba intara ya Bururi bari biteguriye kurangiza umwaka w’ishure ariko birukanywe. Bagirizwa ko basibanganije isanamu y’umukuru w’igihugu iri ku bitabo bakoresha mw’ishure. Ibitabo vyasibanganije vyose hamwe ni 17.

Abanyeshure 239 bo kw’ishure ryisumbuye rya komine Gihinga mu ntara ya Ruyigi birukanwe kw’ishure bagirizwa ko banse kudoma urutoke ku banyeshure bafutanganije isanamu y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA iri mu bitabu abo banyeshure bakoresha mu vyigwa vy’ishure shingiro.

Abo banyeshure birukanwe inyuma y’abandi bo kw’ishure ryo mu Ruziba baheruka nabo nyene kwirukanwa, hamwe n’abo kw’ishure ryisumbuye ry’i Muramvya bari mu munyororo, bose bahorwa icaha kimwe c’ugufutanganya isanama y’umukuru w’igihugu iri mu bitabo vy’ishure.

Abo banyesure bo kw’ishure ryisumbuye rya komine Gihinga mu ntara ya Ruyigi birukanwe ni abo mu myaka y’shure y’umunani n’uw’icenda.

gri

Amakuru atangwa n’ubuyobozi bw’inyigisho mu ntara ya Ruyigi avuga ko ubuyobozi bw’iryo shure bwasavye abo banyeshure bakoresha ivyo bitabu kuvuga abafutanganije iyo sanamu, ariko abanyeshure ntibaberekana, arikwo guca birukanirwa rimwe bose, gushika aho bazoshakira gutanga amazina y’ababikoze.

Sentare y’i Muramvya yafashe kuri uwu mbere ingingo yo kugumiza mu munyororo abanyeshure batanu bo kw’ishure ryisumbuye ryo mu ntara ya Muramvya.

Abo banyeshure bose uko ari batanu bagirizwa icaha c’ugutuka umukuru w’igihugu, bakaba bagiye kubandanya baburana bava mw’ibohero rya Muramvya aho bapfungiwe.