Umutekano uhejeje guhungabana mu gisagara ca Bujumbura

0

Gerenade ihejeje guterwa mu gisagara ca Bujumbura, mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 25 Ruheshi 2018, isaha imwe z’ijoro n’iminota 15. Iyo Gerenade yakomerekeje umugore yariko ataha n’amaguru, nk’uko vyemezwa na Petero NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi.

Petero NKURIKIYE amenyesha ko iyo Gerenade yatewe mw’ibarabara ryitiriwe umunyagihugu w’umurundi (Boulevard du peuple murundi) riri mu gisagara ca Bujumbura.

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko uwateye iyo Gerenade ataramenyekana, ariko amatohoza yamaze gutangura.