Biratangaje mu Rumonge : Ikiziga c’umwana caburiwe irengero

0

Umwana w’uruyoya yari yitavye Imana yaburiwe irengero, aho akaba ari mu gihe abavyeyi n’umuryango wiwe bari bagiye gutora ikiziga c’uwo mwana mu buruhukiro, kugira gishinguranwe iteka.

Ico kiziga caburiwe irengero ku munsi wa gatatu, igihe c’isaha indwi z’umuhingamo. Uwo mwana w’uruyoya yari yazanwe ku bitaro vya Rumonge kuvurwa, kuko yari yavukanye ingwara. Uwo munsi nyene niho uwo mwana yitaba Imana, aca ashirwa mu buruhukiro bw’ivyo bitaro.

Umuryango ugarutse gutora ico kiziga kugira uwo mwana ashinguranwe iteka, abajejwe uburuhukiro bw’ivyo bitaro barabuze irengero ry’ico kiziga.

Ubuyobozi bw’ibitaro vya Rumonge buvuga ko bitumvikana ingene ikiziga cari mu buruhukiro coburirwa irengero, amatohoza akaba yatanguye nk’uko vyemezwa na Muganga Jean Claude NDIKUMASABO arongoye intara y’ubuvuzi ya Rumonge.

Uwo muryango w’uwo mwana nawo ukaba uvuga ko ugiye kwitura ubutungane.