KARENGA Ramadhan yahawe ayandi mabanga y’igihugu

0

Uwahora ari umuvugizi w’inama nshingamateka y’Uburundi, KARENGA Ramadhan niwe yagenwe n’umukuru w’igihugu kugira ashikire amabanga y’ukuba umukuru w’urwego rujejwe kugenzura itangazamakuru mu Burundi. Yafashe ikibanza cahoramwo Richard GIRAMAHORO.

KARENGA Ramadhan agiye kuyobora urwego CNC (Conseil National de la Communication) yahoze ari umumenyeshamakuru, umwuga yakoze imyaka myinshi muri RTNB (Radio Télévision Nationale du Burundi), muri BBC, hamwe no muri DW (Deutsche Welle).

kanga

KARENGA Ramadhan yarabaye kandi umushikiranganji w’ukumenyesha amakuru, akaba kandi yarabaye umushingamateka w’umugambwe CNDD FDD yatowe mu ntara ya Bururi, mu mwaka w’2010. Imbere y’uko ahabwa uburongozi bw’urwego CNC, KARENGA Ramadhan yari umuvugizi w’inama nshingamateka y’Uburundi.

Richard GIRAMAHORO yahora arongoye urwego CNC yari yagenwe muri Ntwarante 2014, akaba asubirijwe atarakwiza ikiringo c’imyaka itatu yari afise.