Kanyosha : Umuryango w’abantu batandatu wazimanganye wose

0



Umuryango wose w’abantu batandatu waraye witavye Imana mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane igenekerezo rya 18 Nzero 2019, nk’igihe c’isaha zitandatu z’ijoro, ku musozi Ku Kamabuye, zone Muyira, Komine Kanyosha, intara ya Bujumbura. Abo bantu baguweko n’inzu, mu mvura nyinshi yariko iragwa.

Iyo nzu yabaguyeko inyuma y’aho nayo yaguweko n’umusozi, abo bantu bose uko ari batandatu baca bitaba Imana aho nyene.

Abaguweko n’iyo nzu bari baryamyemwo ni nyene urugo Ndikumana Janvier batazira D.J TANE, umugore wiwe Lydia hamwe n’abana babo Ismail, Monia, Junior hamwe na Nelson.

Nk’uko mu giporisi c’Uburundi babimenyesha, muri iyo mvura, inzu zibiri zarabomotse muri zone ya Kanyosha, karitiye ya Gisyo, inzu zitanu zibomoka muri zone ya Musaga, karitiye ya Ceceni.

Muri zone ya Buyenzi nayo, kw’ibarabara rya mbere nomero 29, uruzitiro rw’urugo rwaguye ku bana babiri, abo bakaba bakomeretse bikomeye, ubu bariko bavurirwa ku bitaro vy’abaganga batagira imbibe (MSF).