Umurundi yaburiwe irengero muri Kenya.

0

Ikiziga c’impunzi y’Umurundi yaba mu nkambi y’impunzi muri Kenya ya Kakuma catowe mu gace ka Turkana inyuma y’aho avugiwe ko yaburiwe irengero haheze iyinga.

Ikinyamakuru co muri Kenya, The Star, camenyesheje ko ico kiziga c’Umurundi cabonekanye mu ruzi Nalio muri Turkana.

Ico kinyamakuru kikamenyesha ko uwapfuye ari uwitwa Nkeshimana Adelin, afise imyaka 35. Akaba yakora akazi ko kwunguruza abantu, akaba kandi yaba mu nkambi ya Kakuma.

Igipolisi ca Kenya kikaba cari cavuze ko uwo yaburiwe irengero hari haheze iyinga ryose. Ico gipolisi ca Turkana kikamenyesha ko ‘kigiye gikora amatohoza maze gihagarika abagirizwa uruhara muri iryo ganadagurwa’.

Igipolisi ca Kenya kikaba cagabishije abo bakora akazi ko kwunguruza Abantu ko ‘bokwiyubara cane’ kuko usanga bariko bunguruza inkozi z’ikibi zironderera inabi abantu.