Uburundi bubandanya kuvuga ko buzoserukirwa

0

Umushikiranganji ajejejwe iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’ubuseruko yemeza ko Reta y’Uburundi izokwitaba inama igira iya mirongo ibiri y’abakuru b’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko yatumweko, ikazoba kw’igenekerezo rya 2 Ruhuhuma 2019.

N’aho uwo mushikiranganji Isabelle NDAHAYO avuga ko Uburundi buzokwitaba iyo nama, ntawurashobora kumenya ko umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA asanzwe ari mu batumiwe azoyutaba ubwiwe, canke ko azorungika uwumuserukira.

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA amenyesha ko hataragera kumenya ko umukuru w’igihugu azokwitaba iyo nama canke azorungika intumwa. Ariko naho biri uko, Jean Claude KARERWA NDENZAKO avugira umukuru w’igihugu ashikiriza ko Atari ngombwa ko umukuru w’igihugu yitaba iyo nama ubwiwe, kuko ashobora kurungika abamuserukira.

ajejwe iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’ubuseruko