Jacques BIGIRIMANA avuga ko abanyuruje uwutwara FNL mu Rumonge bari bateguye kumwica

0

Umukuru w’umugambwe FNL mu ntara ya Rumonge yanyurujwe n’abantu bataramenyekana bamusanze mu bunywero buri mu Gatumba, aho yariko yivuna akanyota ari kumwe na bagenzi biwe batanu, muri komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura.

Uwo munywanyi wa FNL azwi kw’izina rya Emmanuel MINANI batazira KANA yabonye abantu barenga cumi bitwaje inkoho bamusanze mu bunywero yarimwo, nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro. Bamusavye ko yobakurikira, ari kumwe n’abo bari kumwe, bose baca bafata ibarabara rija mw’ishamba cimeza rya Rukoko. Muri uwo mwanya harumvikanye amasasu menshi.

Uwo Emmanuel MINANI asanzwe ari mu nama nyobozi ya komine Rumonge yagumye mu minwe y’abo bantu bamunyuruje, mu gihe abandi batanu bari kumwe nawe bagarutse. Umuryango wiwe waje mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri gutora imodoka yiwe yari igihagaze aho yayisize.

Abajejwe intwaro bamenyesha ko bataramenya uwakoze iryo nyuruzwa, ariko bakavuga ko amatohoza yamaze gutangura, mbere abo bantu batanu bari bafatanwe nawe mu nyuma bakarekurwa, igiporisi kikaba caciye kibata muri yompi ku mvo z’amatohoza.

Uwo muryango wa Emmanuel MINANI basaba ko ayo matohoza yonyaruka, uwabo agashobora gutorwa.

Mu mugambwe FNL bamenyesha ko abo banyuruje umukuru w’umugambwe FNL mu ntara ya Rumonge ari abari bafadikanije nawe umugambi w’ukugandagura Jacques BIGIRIMANA umukuru w’umugambwe ku rwego rw’igihugu, imbere y’uko uwo Emmanuel MINANI avavanura nabo. Mw’itangazo Jacques BIGIRIMANA yasohoye kuri uwu wa kabiri, yamenyesheje ko uwo mugambi umaze amezi abiri utegurwa, akavuga ko abawutanguje bari bashizemwo uwo yanyurujwe, mu nyuma akahava abiyonkorako, ari naco gituma bagumye bamuhigira ko bazomwica, bakamutera ubwoba.

big

Jacques BIGIRIMANA asaba inzego z’umutekano ko zokorera kuvyo zizobwirwa n’abo bafatanwe nawe mu nyuma bakarekurwa.