Uburundi buri mu bihugu bibonekamwo cane amabi afatiye ku gitsina

0

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU amenyesha ko mu mihingo yose yo kw’isi, igitigiri c’amabi afatiye ku gitsina yo mu gihe c’amatati kiguma kiba kinini cane, akavuga ko ata karere na kamwe kaduca mu ryahumye ku bijanye n’ayo mabi akorerwa abakenyezi, abigeme, abasore canke abagabo.

vbg

Nk’uko tubikura mu cegereanyo c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku mabi afatiye ku gitsina mu gihe c’amatati, muri ico cegeranyo, Uburundi buri mu bihugu 19 bibonekamwo cane ayo mabi.

Ico cegeranyo kikavuga ko amabi aharurwa ku gitigiri c’amajana atatu na mirongo ibiri n’atatu (323) amaze kuboneka muri iyi minsi igihugu c’Uburundi kimaze mu ndyane.