Ivyo CNARED isaba mu biganiro bihuza Abarundi vyimirije.

0

Mu gihe urunani rw’abatavuga rumwe na leta y’Uburundi CNARED rwaronse indongozi nshasha, ubu biragaragra ko baje bashaka cane guhagararira amsezerano ya Arusha, ayo CNARED ivuga ko ‘yahonyanzwe arazikwa na leta y’Uburundi’.

Mw’itangazo ryasohowe na CNARED ku bwo kwibuka imyaka 18 habaye amasezerano ya Arusha, urwo runani ruriyamiriza ‘ingendo ya leta y’i Bujumbura irongowe na Pierre Nkuruziza n’akagwi kiwe mu guhamba amasezerano ya Arusha’.

CNARED ikaba isaba cane abahagarariye ayo masezerano kuba magabo kugira ntahambwe buhere.

Ku bijanye n’ibiganiro vyimirije kuba vya gatanu bihuza Uburundi bizobera mu gihugu ca Uganda, CNARED ikaba isaba cane umufasha mu biganiro bihuza Abarundi ‘gutegura vyihuta kandi vuba bishoboka ibiganiro NYAKURI bihuza abarundi kandi bihurikiyemwo bose ata wandya wangura’.

Muri urwo rwandiko rwashizwe ahabona n’umuvugizi mushashha wa CNARED, ariwe Onesime Nduwimana(yahoze avugira CNDD-FDD), CNARED yamenyesheje ko ‘igabisha abategura bose ibiganiro vyimirije bihuza Abarundi hamwe nabo bose ari abakorana n’Uburundi ko itazokwemera amasezerano yose azoshikwako azoza adahuza n’amasezerano ya Arusha yasinywe mu mwaka wa 2000‘.